Home African Music MTC – Warancunguye

MTC – Warancunguye

Warancunguye by MTC MP3 MUSIC VIDEO

Warancunguye LYRCIS by MTC:
Mwishayo ry’ivyaha erega niho yankuye
Mumwijima ukomeye
Niho Umuco wawe wandasiye

Ndibuka nzunguruka
Nshakisha umunezero aho woboneka
Ngerageza vyanka guhinduka
Munkomezi zanje ariko bidashoboka

Kugenda ntaja iyonja nama niboma
Ntabesha ubuzima bwatera buhona
Ntwikiriwe mumaso imbere yanje ataho mbona
Kubw’icaha ca adamu urupfu rwashijwe kungoma

Ahagaragara
Nkora ivy’insoni atavyo kumaramara
Kumuvuduko mwinshi ataguhagarara
Maze numva ijwi ryiwe rimpamamagara (ooooh waouh)

Yarancunguye ooooh halleluyah
Kubw’ubuntu bwiwe siko nabiriye akuya
S’ivyavuye mubikorwa vyajewe haba namba sivyo nagerageje kurondera non oya oya

Ivyo bintera kwitwengera
Nibutse ko hari ikingera
Ca mpwemu w’ubugingo cancunguye ngo nsinganzw n’incangera c’icaha n’urupfu oooh Christ

Refrain/

Mwami ur’umwizigirwa eeeh Papa eeeeeh eee
Ntabwo nzigera nibagirwa aho wankuye eeee

Ndibuka nari kucavu
Unyicarikana n’abahambaye
Je nari murupfu
Urukundo rwawe niho rwampamagaye

Papa eeeeh warancunguye Papa eeeeh
Nukuri waranduhuye Papa eeeh(*2)

2
Nari nishwe n’ivyaha ndi mumwijima
Ngeze muri kristo mpindurwa muzima

Muri we mfise ukugenda mfise ukubeshwaho niho mfise ubuzima bwa Rurema

Uwo mwami yankuye kucavu( cavu,cavu,cavu
Sinari muzima nari murupfu (rupfu, rupfu,rupfu)
Aho wankuye
Harakomeye
Wankuye mw’ishayo ry’ivyaha nkandamijwe n’umurwanizi maze menya yuko yancunguye)

(Ndibuka aho wankuye)
Kucavu niho nari mperereye
Murubavu rwawe niho mpwekereye

Ya ntebe y’ubuntu
Narayegereye maze ncika umuntu
Yahariwe atagira kahise
Ubuzima bwiwe nibwo mfise
(Merci Papa)

Ahera h’ahera
Niho nduhukira
Niho hanryohera
Kwama nibera
Nahawe uburenganzira
Bwo kuhinjira
Ntaciye kumuntu n’umwe ariko nishikira

Papa ntanumwe asa nawe
Ntahariho nko muri wewe
Nahashitse naniwe,ndemerewe,mburaniwe
Maze kuhashika ubu je nama nezerewe

Refrain/

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here